12 Biteye n’isoni kuvuga ivyo abatumvira Imana bakorera mu mpisho.
12 kukw ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga.
Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.
Ntimwifatanye n’ibikorwa vy’impfagusa bikorerwa mu mwijima, ahubwo mubishire ahabona.
Ariko igishizwe ahabona n’umuco cose gica kiboneka; kandi ikirasiwe n’umuco kiba mu muco.
Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.
Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.
Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birugururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza rw’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.