10 kandi mumenye ibihimbara Umwami ivyo ari vyo.
10 Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu,
Iyo umuntu akorera Kristo ameze gutyo, ahimbara Imana kandi akemerwa n’abantu.
kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira.
Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.
kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.
ariko mubusuzume bwose, hanyuma mwumire ku vyiza.
Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana yo mukiza wacu,
Ariko umupfakazi afise abana n’abuzukuru, bakwiye kubereka ukwubaha Imana kwabo mu kubitwararika, ni ho bazoba bishuye abavyeyi babo ivyo babakoreye, kandi ivyo birahimbara Imana.
Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.
Kuko nimba mwihanganiye guhanwa muhorwa gucumura, n’irihe teka ivyo vyobatera? Ariko nimba mubabazwa muhorwa kuba mwakoze ivyiza hanyuma mukihanganira iyo mibabaro, Imana irabanezererwa.
Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.