Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 kandi hari Imana imwe, ni yo Data wa twese, iri hejuru ya bose, igakorera muri bose kandi ikaba muri bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 n’Imana imwe, ni yo Data wa twese, asumba bose, akoresha bose, ari muri bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:6
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Mukwiye gusenga muvuga muti: Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryubahwe,


Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.


Narakumenyekanishije muri bo, kandi nzobandanya ndakumenyekanisha kugira ngo urukundo unkunda rube muri bo kandi nanje mbe muri bo.”


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.


Ibikorwa vy’Imana ni vyinshi, ariko iyo Mana nyene ni yo ibikorera muri twebwe twese.


Ariko tuzi ko hari Imana imwe, ari yo Data, yaremye vyose kandi tubayeho ku bwayo. Hari Umwami umwe, ari we Yesu Kristo. Vyose vyaremewe muri we, kandi muri we ni ho twaherewe ubugingo.


Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”


hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza.


Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.


kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,


Amahoro abe kuri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo.


Umuntu yitondera amabwirizwa y’Imana aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitwereka ko Imana iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye aba muri twebwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ