Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:28
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”


Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.


Kubera Yuda ari we yari ajejwe ikigega, bamwe bibajije ko Yesu amusavye kugura ibikenewe vy’umusi mukuru, canke kugira ico aha abakene.


Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.


Dukoresha amaboko yacu tukaruha kugira ngo turonke ibidutunga. Duhezagira abatuvuma, tukihanganira guhamwa.


Kuko iyo umuntu afise umutima wo gutanga, Imana ntiyakira ico adafise, ahubwo yakira ico afise.


Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo.


None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.


Abantu bacu bakwiye kwiga kwitangira ibikorwa vyiza, kugira ngo bashobore gufasha mu bikenewe, ubuzima bwabo ntibube ubutagira ikimazi.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ