Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:14
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Irenga rizungagizwa n’umuyaga?


Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Ntuvyemere kuko muri bo hari abagabo barenga mirongo ine bagomba kumutegera. Kandi basezeranye ko badasubira kurya canke ngo banywe bataramwica. Ubu bamaze kwitegura, barindiriye ko wemera gusa kumurungika.”


Murazi ko mukiri abanyamahanga mwazimizwa n’ibigirwamana bitavuga.


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


kuko imbere y’Imana ubwenge bw’iyi si ari ubujuju, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Imana ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo.”


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.


Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi.


Ategerezwa kuba atakiri umwana mu kwizera, ahandi ho yohava agwa mu caha c’ukwishira hejuru, akazocirirwa urubanza rumwe na Satani.


Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.


Ariko abanyakibi bazoshika kure mu bibi vyabo. Bazozimiza benshi kandi na bo ubwabo bazokwizimiza.


Kuko igihe kigiye kuza aho abantu batazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Bazokwumviriza ibiryohera amatwi yabo, birundanirize abigisha bazovuga ivyo bashaka kwumva gusa.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.


Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka.


Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma.


Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.


Ibi ndabibandikiye kugira ngo ndabagabishe ku bijanye n’abashaka kubazimiza.


Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.


Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ