Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 4:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ivyo bikwiye kubandanya bikorwa kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe mu kwizera no mu kumenya neza Umwana w’Imana, no gukura kugeza dushike ku rugezo rwo kunengesera kwa Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 4:13
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi.


Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.


Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye.


Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.


Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”


Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose.


Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe,


Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.


Ishengero ni ryo mubiri wa Kristo, kandi Kristo ari muri ryo mu buryo bwuzuye, ari muri vyose kandi hose.


Yabikoze mu gukuraho ibikorwa vyose vyisunga amategeko n’amabwirizwa, abikuzaho umubiri wiwe. Intumbero kwari kugira ngo yiremere ubwoko bushasha akuye mu Bayuda no mu Banyamahanga, gutyo azane impore hagati yacu.


kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.


Mugire ishaka ryo kuzigama ubumwe bwo muri Mpwemu kandi mufatanywe n’umugozi w’amahoro.


Hari Umwami umwe, ukwizera kumwe, umubatizo umwe;


Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.


Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mutima bari n’ubumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye bwo gutahura gushitse, kugira ngo bamenye iryo banga ry’Imana, ari ryo Kristo.


Ariko ivyokurya bikomeye ni ivy’abakuze, kuko kubera ivyo baciyemwo bashitse aho batandukanya ikibi n’iciza.


Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ