Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 3:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Natoranijwe kugira ngo nsigurire umuntu wese ivy’iryo banga ryari ryarahishijwe n’Imana, Umuremyi wa vyose, kuva mu bihe vya kera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 3:9
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo ndababwirira ahatabona, mubivugire ahabona; ivyo ndabongorera mu matwi, mubivugire hejuru ku mazu.


Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana yavuze vyashitse, ngo: “Nzokwugurura akanwa kanje mu migani, mvuge ivyagizwe amabanga kuva isi ikiremwa.”


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Ariko Yesu arababwira ati: “Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora.”


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwagizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yarabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


sinkekeranya ko mwumvise ivy’igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ubuntu bwayo,


Kandi nanje munsengere, kugira ngo igihe cose mvuze, mpabwe amajambo kugira ngo menyeshe abantu ibanga ry’Ubutumwa Bwiza ntatinya,


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Iryo jambo ni ibanga ryari ryarahishijwe imyaka n’iyindi, ariko ubu ryahishuriwe abizera.


Kuko mwapfuye, ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristo mu Mana.


Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,


Imana yari yaramutoranije imbere y’uko isi iremwa, ariko yamuhishuye ubu muri ino misi ya nyuma ku bwanyu.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ