14 Ni kubera ivyo mpfukama imbere ya Data,
14 Ni co gituma mpfukamira Data wa twese,
Aca yigira kure gato nk’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama arasenga ati:
Ahejeje kuvuga ivyo, aca apfukama hamwe na bo barasenga.
Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga.
Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.
Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.
Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.
uwo imiryango yose yo mw’ijuru n’iyo mw’isi ikomokako.
kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame, ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,