Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 2:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 2:20
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.


Yesu aca ababwira ati: “Nta ho murasoma mu Vyanditswe havuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka; ibi Uhoraho ni we yabikoze, kandi ni igitangaza mu maso yacu?’


Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


ryari ryarahishijwe abantu bo mu bihe bitandukanye vyarenganye ariko ubu rikaba ryahishuwe na Mpwemu arihishurira intumwa n’abavugishwa bera b’Imana.


mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.


Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Raba ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ry’igiciro kandi ryatoranijwe, uwumwizera ntazokwigera amaramara.”


Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ