Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 1:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ubwo buntu yarabudusutseko, ibuduhana ugutahura kwose n’ubwenge bwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ubgo yadusēsekarije mu bgenge bgose no kumenya:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 1:8
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”


Mbega ubwinshi bw’ubwenge n’ubumenyi vy’Imana! Ingingo ifata ntizitahurika kandi inzira zayo ntizimenyekana.


Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’icaha ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera icaha c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye ivyo.


Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwagizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yarabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.


Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri.


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!


Imana yaduhaye kumenya ibanga ry’umugambi wayo, uwo yari yarateguye gushira mu ngiro, mu kugira neza kwayo, ibicishije muri Kristo.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, kwari ukugira ngo ubu, biciye mw’ishengero, abatware n’abafise ububasha b’ahantu ho mw’ijuru bamenye ubwenge butagira urugero bw’Imana.


Muri we ni ho ubutunzi bwose bw’ubwenge no kumenya buhishijwe.


Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.


baririmba n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi w’intama we yishwe, arabereye, kwakira ububasha, ubutunzi, ubwenge, inkomezi, icubahiro, ubwiza, n’amashimwe.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ