Abanyefeso 1:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe13 Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry’ukuri, ni ryo butumwa bgiza bg’agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriwekw ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe, အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.