Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Iki ni ikigereranyo cerekana igihe c’ubu. Kuko amashikanwa n’ibimazi abaherezi bashikanira Imana, ntivyashobora gutunganya imitima y’abaje kuyisenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ni ryo kigereranyo c’igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw’ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya ūsenga,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamara kuva mu gihe ca Adamu gushika mu gihe ca Mose, abantu bagumye bapfa, mbere n’abatarenze ku cagezwe bahawe n’Imana nka Adamu barapfuye. Uwo Adamu yari ishusho ya Kristo, uwari agiye kuza.


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Mu gihe c’isezerano rya mbere, umuherezi wese yakora igikorwa ciwe ku gicaniro imisi yose agatanga kenshi ibimazi amenyereye gutanga, yamara ntivyashobora gukuraho ivyaha.


Aburahamu yiyumvira ko Imana ishobora kuzura Isaka, kandi mu buryo ngereranyo, yasubijwe Isaka nk’uwuvuye mu rupfu.


Umuherezi mukuru wese atorwa mu bantu, agatorerwa guserukira abandi imbere y’Imana kugira ngo atange amashikanwa n’ibimazi vy’ivyaha.


Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?


Iyo Kristo aja kuba ari kw’isi, ntivyakunda ko aba umuherezi, kuko hari hasanzwe abaherezi batanga amashikanwa nk’uko Ivyagezwe vyabitegekanya.


Kuko Kristo atinjiye Ahera h’Ahera hubatswe n’amaboko y’abantu, na kare ihema ryubatswe n’abantu ryari ikigereranyo c’ihema nyakuri riri mw’ijuru. Ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaryo kugira ngo aduserukire imbere y’Imana.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ