Abaheburayo 9:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe26 Iyo bija kuba uko, Kristo yategerezwa gupfa incuro nyinshi, kuva isi ikiremwa. Ariko noneho yaserutse rimwe rizima, mu gihe c’iherezo, kugira ngo akureho icaha akoresheje ikimazi c’urupfu rwiwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)26 kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.