Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Kandi ntiyinjiye kugira ngo yitange kenshi, nk’uko umuherezi mukuru wa hano kw’isi yinjira Ahera h’Ahera uko umwaka utashe yitwaje amaraso atari ayiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk’uk’ umuherezi mukuru yinjira ahēra cane uk’ umwaka utashe, ajanye amaraso atar’ ayiwe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:25
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima.


Ni co gituma, bene Data, dushobora kwinjira ata bwoba Ahera h’Ahera ho mw’ijuru ku bw’amaraso ya Yesu.


Kristo yinjiye Ahera h’Ahera rimwe rizima, atitwaje amaraso y’impene canke ay’impfizi z’inka yo gutanga nk’ikimazi, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite. Uko ni ko yaturonkeye ugucungurwa kw’ibihe vyose.


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


Hari ibibanza bibiri mw’ihema. Mu kibanza ca mbere harimwo igiterekwako amatara, imeza hamwe n’imikate yashikaniwe Imana. Ico kibanza citwa Ahera h’ahera.


Iyo bija kuba uko, Kristo yategerezwa gupfa incuro nyinshi, kuva isi ikiremwa. Ariko noneho yaserutse rimwe rizima, mu gihe c’iherezo, kugira ngo akureho icaha akoresheje ikimazi c’urupfu rwiwe.


Ariko umuherezi mukuru wenyene ni we yari yemerewe kwinjira mu kibanza ca kabiri c’ihema, na ho nyene rimwe mu mwaka. Muri ico kibanza yahinjirana amaraso agiye gutanga imbere y’Imana ku bw’ivyaha vyiwe no ku bw’ivyaha abantu bakoze mu butamenya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ