Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Vyari bikwiye ko ihema n’ibiri muri ryo, na vyo akaba ari ishusho ry’ivyo mw’ijuru, vyezwa n’amaraso y’ibikoko. Ariko ivyo mw’ijuru vyari bikwiye kwezwa n’ibimazi biruta amaraso y’ibikoko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Nuko vyari bibereye kw ibigereranyo vy’ivyo mw ijuru vyozwa n’ivyo bimazi, ariko, ivyo mw ijuru ubgavyo bikozwa n’ibimazi biruta ivyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:23
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?”


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.


None rero, mwebwe n’Inama Nkuru y’Abayuda, nimusabe umukuru w’abasoda amubarungikire, mumubwire ko mugomba kumenya ivyiwe neza. Natwe turiteguye guca tumwica atarashika ngaha.”


Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.


Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.


Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.


Bakorera ibikorwa vyabo mu kibanza kigereranywa kikaba n’igitutu c’ivyo mw’ijuru. Kuko igihe Mose yagira yubake ihema, Imana yamubwiye imugabisha iti: “Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.”


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


Kuko Kristo atinjiye Ahera h’Ahera hubatswe n’amaboko y’abantu, na kare ihema ryubatswe n’abantu ryari ikigereranyo c’ihema nyakuri riri mw’ijuru. Ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaryo kugira ngo aduserukire imbere y’Imana.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ