Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Iyo hari ikete ryo kuraga, biba nkenerwa kwerekana ko uwanditse iryo kete yamaze gupfa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kukw ah’ icete c’iragi kiri hakwiye rwose yuk’ urupfu rw’uwaraze ruseruka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:16
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icaha cinjiye mw’isi giciye ku muntu umwe ari we Adamu, kandi ico caha cazanye urupfu. Ivyo vyatumye urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye.


Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.


Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.


Ivyanditse muri iryo kete ryo kuraga bishirwa mu ngiro iyo uwavyanditse yamaze gupfa. Akiriho, ivyanditswe muri ryo ntibishobora gushirwa mu ngiro.


Kuko uwitondera ivyagezwe vyose ariko agatsitara kuri kimwe acirirwa urubanza nk’uwabicumuyeko vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ