Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Kristo yinjiye Ahera h’Ahera rimwe rizima, atitwaje amaraso y’impene canke ay’impfizi z’inka yo gutanga nk’ikimazi, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite. Uko ni ko yaturonkeye ugucungurwa kw’ibihe vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:12
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko umuntu wese atuka Mpwemu Yera ntazokwigera abibabarirwa, icaha ciwe kizohoraho ibihe bidashira.”


“Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.


Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Ni co gituma, bene Data, dushobora kwinjira ata bwoba Ahera h’Ahera ho mw’ijuru ku bw’amaraso ya Yesu.


Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.


Ni co gituma na Yesu yababarijwe kandi agapfira inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.


Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.


Yesu aratandukanye n’abandi baherezi bakuru kuko we ntakeneye gutanga ibimazi ku musi ku musi, nk’uko abandi babanza gutanga ibimazi vy’ivyaha vyabo, hanyuma bakabona gutanga ivy’abandi bantu. Yesu we yabikoze rimwe rizima igihe yitanga nk’ikimazi ku bw’ivyaha vy’abantu.


Nimba amaraso y’impene n’ay’impfizi z’inka n’umunyota w’inka y’inshashi ituriwe bimijagiwe ku bantu banduye vyarashobora gutuma bahumanuka ku mibiri yabo,


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.


Kuko Mose amaze gusomera abantu bose amabwirizwa y’Imana, yakiriye amaraso y’impfizi n’ay’impene hamwe n’amazi, ayamijagira kuri ca gitabu c’ivyagezwe vy’Imana no ku bantu bose, akoresheje amashami y’agati kitwa ezobu n’ubwoya bw’intama bwera cane.


ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.


Ariko umuherezi mukuru wenyene ni we yari yemerewe kwinjira mu kibanza ca kabiri c’ihema, na ho nyene rimwe mu mwaka. Muri ico kibanza yahinjirana amaraso agiye gutanga imbere y’Imana ku bw’ivyaha vyiwe no ku bw’ivyaha abantu bakoze mu butamenya.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ