Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ivyagezwe vyashiraho abaherezi bakuru bafise intege nke, ariko inyuma y’Ivyagezwe, Imana yatoranije Umwana wayo biciye mu ndahiro; uwo ni we yabaye Umuherezi Mukuru atunganye ibihe vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Ivyagezwe bishirah’ abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, arikw ijambo ry’indahiro yaherukiye ivyagezwe rishirah’ Umwana w’Imana yahīngūwe rwose gushitsa ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:28
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abarwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje.


Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


Vyari bikwiye ko Imana, yo yaremye vyose kandi bikaremerwa kuba ivyayo, itunganya rwose Yesu biciye mu mubabaro, kugira ngo ishikane abana bayo benshi mu bwiza bwayo, kuko Yesu ari we yatanguje inzira y’agakiza.


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Na Kristo na we ntiyihaye ico cubahiro co kuba Umuherezi Mukuru. Yagihawe n’Imana aho yavuga iti: “Uri Umwana wanje, uwu musi ndakuvyaye.”


Ariko Yesu yabaye umuherezi Imana ibanje kurahira iti: “Uhoraho yararahiye, kandi ntazohindura ico yavuze: ‘Uri umuherezi w’ibihe bidashira.’”


Ariko Yesu we ni umuherezi ibihe vyose kuko ahoraho.


Nta ho tubona ko yari afise se canke nyina, canke ba sekuruza. Nta ho tubona ko yavutse canke yapfuye. Asa n’Umwana w’Imana kuko yama ari umuherezi ibihe vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ