Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:26
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Pilato yari azi neza ko ari ishari ryatumye bamuzanira Yesu ngo amucire urubanza.


Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Yongera kubabaza ubwa gatatu ati: “None ni ikihe caha yakoze? Nta kintu na kimwe nabonye yakoze cotuma yicwa. Ariko ndamutanga bamutonagure gusa, hanyuma ndamurekure.”


Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”


Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.”


Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?”


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


Nta mwanya ngifise wo kubabwira vyinshi, kuko umutware w’iyi si agira aze. Jewe nta bubasha amfiseko,


Kandi uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.”


Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.


Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Vyari bikwiye ko Imana, yo yaremye vyose kandi bikaremerwa kuba ivyayo, itunganya rwose Yesu biciye mu mubabaro, kugira ngo ishikane abana bayo benshi mu bwiza bwayo, kuko Yesu ari we yatanguje inzira y’agakiza.


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?


Ico dushaka kuvuga ni iki: dufise Umuherezi Mukuru yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’icubahiro y’Imana mw’ijuru.


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.


“Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”


Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.


Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.


Murazi ko Yesu Kristo yaje gukuraho ivyaha vyacu; kandi muri we nta caha kihaba.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ