Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 (kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa.) Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 (kukw ivyagezwe bitigeze kugira ico bihīngūra rwose) hasubizwah’ ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:19
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Muri we, uwizera wese aba abohowe icaha ciwe cose, ari kwo kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, ukwo mutashobora guhabwa n’ivyagezwe vya Mose.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Mbega none tuvuge iki? Tuvuge ko ivyagezwe ari icaha? Haba na mba! Ahubwo ivyagezwe vyatumye menya icaha ico ari co. Mu vy’ukuri sinari kwigera menya ico ari co kwipfuza, iyo ivyagezwe bitaba bivuga ngo: “Ntukipfuze.”


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Ni ukuvuga ko, ivyagezwe vyari nk’umurezi aturera gushika Kristo aje kugira ngo twemerwe n’Imana nk’abagororotsi tubihawe no kwizera.


Muri we, kandi biciye mu kumwizera dushobora kwegera Imana mu mwidegemvyo kandi tudakekeranya.


Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,


Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.


Kuko Imana yari idufitiye iciyumviro kiruta ibindi kuba ciza. Intumbero yayo kwari uko bashikira ugutunganywa rwose bari kumwe natwe.


Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.


Imana yatanze isezerano n’indahiro. Ibi bintu uko ari bibiri ntibishobora guhinduka kuko Imana idashobora kubesha. Ku bw’ivyo, twebwe abayihungiyeko, ivyo bidutera intege cane bigatuma twumira ku vyizigiro yadushize imbere.


Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?


Kandi ivyo vyabaye habanje kuba indahiro. Abaherezi ba mbere bo babayeho hatabanje kuba indahiro.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.


Iki ni ikigereranyo cerekana igihe c’ubu. Kuko amashikanwa n’ibimazi abaherezi bashikanira Imana, ntivyashobora gutunganya imitima y’abaje kuyisenga.


Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ