Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Birazwi ko Umwami wacu akomoka mu muryango wa Yuda, kandi Mose ntiyigeze avuga ko abaherezi bazokomoka muri uwo muryango.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Birazwi yuk’ Umwami wacu yakomotse kuri Yuda, kand’ uwo muryango Mose nta co yawuvuzeko c’ubuherezi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:14
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yuda, nturi mutoya mu bisagara vya Yuda, kuko muri wewe hazokomoka umurongozi azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’”


Mbega nari iki kugira ngo nyina w’Umwami wanje angendere?


Nahashoni mwene Aminadabu, Aminadabu mwene Ramu, Ramu mwene Hezironi, Hezironi mwene Peresi, Peresi mwene Yuda,


Baramubaza bati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira?” Arabishura ati: “Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize.”


Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”


Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


None wewe ucira imanza abandi, kandi ukora nk’ivyo bakora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana?


Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


Umuherezi turiko tuvuga ava mu wundi muryango, kandi nta muntu n’umwe ava muri uwo muryango yigeze gukora ku gicaniro nk’umuherezi.


Ivyo birumvikana cane kuko habonetse uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki.


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Maze umwe muri ba bashingantahe arambwira ati: “Reka kurira! Ehe, intambwe yo mu muryango wa Yuda, uwukomoka mu muryango wa Dawidi, yaranesheje. Ni we abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwo muzingo w’igitabu no kuwugurura.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ