12 Kandi iyo ubuherezi buhindutse, n’ivyagezwe birahinduka.
12 Iy’ ubuherezi buhindutse, ivyagezwe ntibibura guhinduka na vyo.
Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?
Umuherezi turiko tuvuga ava mu wundi muryango, kandi nta muntu n’umwe ava muri uwo muryango yigeze gukora ku gicaniro nk’umuherezi.
Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.