Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Non’ iyaba gutunganywa rwose kwāzanywe n’ubuherezi bg’Abalewi — kuko ku ngoma yabgo ari ho ubgo bgoko bgāhawe ivyagezwe — n’iki catumye bigikwiye ko haboneka uwundi muherezi wo mu buryo bga Melekisedeki, atavugwa mu buryo bga Aroni?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:11
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”


No kuri twebwe ni uko vyari bimeze Kristo ataraza. Twari tumeze nk’abana bakiri bato; twari abagurano b’ubushobozi bw’impwemu butegeka iyi si.


Ariko ubu ko mwamenye Imana, na canecane ko mwamenywe na yo, ni kuki mwasubiye muri ivyo bintu vy’intege nke vy’urufatiro kandi ata co bimaze. Mugomba gusubira kwongera kuba abaja b’iyo migenzo ukundi?


Kandi Imana yamugize Umuherezi Mukuru mu buryo bwa Melekisedeki.


Ahandi Imana yamubwiye iti: “Uri umuherezi w’ibihe bidashira, mu buryo bwa Melekisedeki.”


aho Yesu yabanje kwinjira ku bwacu, amaze kuba Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.


Kuko naho Lewi atari bwavuke, yari akiri mu nda kwa Aburahamu igihe Melekisedeki yakira ica cumi ahawe na Aburahamu.


Kandi iyo ubuherezi buhindutse, n’ivyagezwe birahinduka.


Umuherezi turiko tuvuga ava mu wundi muryango, kandi nta muntu n’umwe ava muri uwo muryango yigeze gukora ku gicaniro nk’umuherezi.


Ivyo birumvikana cane kuko habonetse uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki.


Ariko Yesu yabaye umuherezi Imana ibanje kurahira iti: “Uhoraho yararahiye, kandi ntazohindura ico yavuze: ‘Uri umuherezi w’ibihe bidashira.’”


Iyo isezerano rya mbere rija kuba ritagira amahinyu, nta sezerano rya kabiri ryo kurisubirira ryari rikenewe.


Ivyo bintu vyose bimaze gutegurwa, abaherezi baraheza bakinjira igihe cose muri ca kibanza ca mbere c’ihema, bagaheza bagakora ivyo idini ryabo ryabasaba gukora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ