Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Uwo Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose. Igihe Aburahamu yari atabarutse ahejeje kunesha ba bami, Melekisedeki yaje guhura na we aramuhezagira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Melekisedeki uyo, umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana isumba vyose, ni we yasanganiye Aburahamu, aramuhezagira, hamwe Aburahamu yatabaruka, avuye kunesha abami,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:1
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”


Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.”


aho Yesu yabanje kwinjira ku bwacu, amaze kuba Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.


Aburahamu aca afata ica cumi c’ivyo yanyaze mu rugamba vyose agiha Melekisedeki. Izina Melekisedeki risigura “umwami w’ubutungane”; umwami w’i Salemu bisigura “umwami w’amahoro.”


Nta ho tubona ko yari afise se canke nyina, canke ba sekuruza. Nta ho tubona ko yavutse canke yapfuye. Asa n’Umwana w’Imana kuko yama ari umuherezi ibihe vyose.


Ariko Melekisedeki, atari uwo mu ruvyaro rwa Lewi, yarakiriye ica cumi ahawe na Aburahamu. Kandi Melekisedeki yarahezagiye Aburahamu, uwari yarakiriye isezerano ry’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ