3 Dutere tuja imbere; kandi Imana ivyemeye, ni ko tuzobigenza.
3 Imana ni yabikunda turagenza durtyo.
Ariko mu kubasezera ababwira ati: “Nzogaruka hanyuma Imana niyabishaka.” Nuko afata ubwato ava muri Efeso,
Maze, Imana ibishatse, nzoheza nze iwanyu nuzuye umunezero, gutyo nduhurwe no kubana namwe.
Sinshaka kuhaca ndengana, nipfuza kumarana namwe umwanya ukwiye Umwami Imana abikunze.
Ariko, Umwami Imana niyabikunda, nzobagendera vuba, kandi sinzokwumviriza gusa amajambo y’abo bantu b’ubwibone, ahubwo nzorondera kumenya nimba bakoreshwa n’ubushobozi bw’Imana.
Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,
Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: “Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya.”