Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 6:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 6:2
57 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Ariko Yohana agerageza kumwankira, avuga ati: “Ni jewe nkwiye kubatizwa nawe, none uje ngo abe ari jewe nkubatiza!”


Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.


Kandi n’iyo bavuye kw’isoko, ntibashobora gufungura batabanje gukaraba. Barakurikiza n’iyindi migenzo, nko kwoza ibikombe, amasafuriya, amasahani n’imeza.)


Mureka amabwirizwa y’Imana mugashira imitima ku migenzo y’abantu.”


Wa Mufarisayo aratangara cane abonye ko Yesu ariye adakaravye.


Hari umubatizo ntegerezwa kubatizwa, kandi mpagaritswe umutima na wo kugeza ndawubatijwe.


Aho ni ho uzohezagirwa. Naho badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”


Nuko Yohana abwira bose ati: “Jewe ndababatiza mu mazi. Ariko hagiye kuza uwundusha ubushobozi; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’


hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza.


“Mbega hari uwobuza aba bantu kubatizwa mu mazi, kandi baronse Mpwemu Yera nk’uko natwe twamuronse?”


Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.


We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.


Iyo saha, muri iryo joro nyene, aca abajana kuboza ibikomere vyabo, maze we n’abo mu nzu yiwe bose baca barabatizwa.


Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Pawulo amenye ko mu bari ngaho harimwo Abasadukayo n’Abafarisayo, aca abwira abagize iyo Nama Nkuru ati: “Bavukanyi, jewe ndi Umufarisayo, kandi na data ni Umufarisayo. Aha ndiko ncirwa urubanza kuko mfise ivyizigiro ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.”


Mfise ivyizigiro mu Mana, co kimwe n’aba bantu, ko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abanyakibi.


uretse iki kimwe nasemereye mpagaze imbere yabo mvuga nti: ‘Aha ndiko ncirwa urubanza kuko nizera ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.’ ”


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Mbega ni kuki muri mwebwe hari abibaza ko bidashoboka ko Imana izura abapfuye?


Maze bararaka cane kuko izo ntumwa zariko zigisha abantu ko muri Yesu hari ukuzuka kw’abapfuye.


Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Muri ico gicu no muri ico kiyaga, bose babatiririjwe kuba abigishwa ba Mose.


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.


Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.


Kuko igihe mwabatizwa mwahambanywe na we hanyuma muzukana na we kugira ngo mubeho ubuzima bushasha mwaronse biciye mu kwizera ubushobozi bw’Imana, yamuzuye imukuye mu bapfuye.


Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze basambura ukwizera kwa bamwe.


Abagore bazuriwe ababo bakuwe mu rupfu. Ariko hari n’abishwe bahohotewe kuko banse kwihakana Imana ngo barekurwe. Bashaka kuzukira ubuzima burusha ubu kuba bwiza.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ