8 N’aho yari Umwana w’Imana yize kwumvira biciye mu mubabaro yaciyemwo.
8 naho yar’ Umwana, yigishwa kwumvira Imana n’ivyo yababajwe,
Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.
Nta muntu n’umwe ashobora kubunyaka, ndabutanga ari uko ndabishatse. Mfise ubushobozi bwo kubutanga n’ubwo kubwakira gushasha. Iki ni co Data yantegetse gukora.”
Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.
Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.
Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.
Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, mbere urupfu rwo ku musaraba.
Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.
Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Uri Umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye”? Canke iti: “Nzomubera Se, na we azombera Umwana”?
Ariko ku vyerekeye Umwana, ivuga iti: “Ukuganza kwawe, ewe Mana, kuzokwamaho. Ubugororotsi ni ryo cumu ry’inganji y’Ubwami bwawe.
Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.