Abaheburayo 5:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe5 Na Kristo na we ntiyihaye ico cubahiro co kuba Umuherezi Mukuru. Yagihawe n’Imana aho yavuga iti: “Uri Umwana wanje, uwu musi ndakuvyaye.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)5 Ni ko biri, na Kristo si we yihaye ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru, ariko yagihawe n’iyamubariye, it’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.