Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 4:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Haracariho rero akaruhuko gasa n’ak’umusi w’Isabato gategekanirijwe ubwoko bw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko rero haracarih’ uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 4:9
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Yahisemwo kubabazanywa n’ubwoko bw’Imana abirutisha kunezerererwa ibihimbaro vy’icaha vy’akanya gato.


Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’”


Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.


Umuntu wese yinjiye aho kuruhukira Imana yateguye, araruhuka ibikorwa vyiwe nk’uko Imana na yo yaruhutse ibikorwa vyayo.


Ni twebwe abizeye gusa dushobora kwinjira aho kuruhukira Imana yateguye. Ariko ku bandi Imana yavuze iti: “Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’” Ariko rero ibikorwa vyayo vyaheze igihe yarema isi.


Kuko iyo Yosuwa aja kuba yarabashikanye aho kuruhukira Imana yari yarasezeranye, Imana ntiyari gusubira kuvuga ku vyerekeye uwundi musi.


Kera ntimwari ubwoko, ariko ubu muri ubwoko bw’Imana, kera ntimwari bwagirirwe imbabazi, ariko ubu mwarazigiriwe.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ