Abaheburayo 4:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe15 Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)15 Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.