Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 3:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati: “Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga, at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 3:7
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Arababwira ati: “None bishoboka gute ngo Dawidi, avugishijwe na Mpwemu, amwite Umwami? Kuko yavuze ati:


Dawidi ubwiwe, aho yavugishwa na Mpwemu Yera, yavuze ati: ‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje, kugeza abansi bawe bose, ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’


Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru ruhongore. Na zo ntegerezwa kuzizana. Zizokwumva ijwi ryanje, maze habe umukuku umwe n’umwungere umwe.


Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.


Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa.


Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.


ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.


Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:


Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Kandi na Mpwemu Yera na we arabitwemeza. Kuko avuga ngo:


Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi,” kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.


Mwibuke ico Ivyanditswe bivuga: “Uwu musi nimwumva ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bayigarariza.”


Ni co gituma Imana yashizeho ikindi gihe co kwinjira aho kuruhukira yateguye, kandi ico gihe ni “uwu musi.” Imana yongeye kubivuga haciye igihe kirekire iciye muri Dawidi, mu gice twamaze kuvugako, iti: “Nimwumva ijwi ry’Imana uwu musi, ntimukomantaze imitima yanyu.”


Muri ibi vyose, Mpwemu Yera yariko yerekana ko inzira yinjira Ahera h’Ahera itari bwuguruke, igihe cose iryo hema ryo gusengeramwo rya mbere ryari rikihari.


Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.


Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ