Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 3:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 3:14
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwebwe abanyamahanga, mugereranywa n’amashami y’igiti c’umwelayo wo mw’ishamba, yatewe ku giti c’umwelayo wo mu murima. Mwasubiriye amwe mu mashami yaco yaciwe, muca musangira n’ayasigaye ingaburo iva mu mizi y’uwo mwelayo w’umurimano.


Raba rero ingene Imana igira neza, ariko kandi igahambara: yahambariye abaguye, ariko wewe ikugirira ubuntu, nimba ushishikara kugendera muri ukwo kugira neza kwayo. Bitari ukwo, na wewe uzocibwa nta kabuza.


Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.


Iyo dusangiye ku mukate umwe tuba tubaye umubiri umwe n’aho turi benshi.


Ibi vyose ndabikora kugira Ubutumwa Bwiza bukwire hose, maze nanje nze mpabwe imigisha ijana na bwo.


Iryo banga ni iri: Abanyamahanga co kimwe n’Abisirayeli, bose iyo bizeye Ubutumwa Bwiza, basangira umugabane w’abana b’Imana. Bose bagize umubiri umwe, kandi basangiye n’isezerano ry’imihezagiro Imana yasezeranye muri Kristo Yesu.


Na yo ku bafise ba shebuja bizera Imana, nta mvo n’imwe yo kutabubaha kuko ari bene Se. Ahubwo bakwiye kurushirizaho kubakorera neza, kuko ivyo bakora bifasha abizera b’abakundwa. Ivyo bibe ari vyo uzohimiriza abantu.


Ukwizera ni ukudakekeranya ku vyo wizigiye; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso.


Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ