Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 3:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 3:12
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Yesu arababwira ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza


Nuko mube maso, kuko ndabibabwiye imbere y’uko bishika.


Nuko rero mwame mugavye, muterame, kuko mutazi aho ico gihe kizoshikira.


Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.


Na we arabishura ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire.


Kuko nimba Imana itihanganiye Abayuda bagereranywa n’amashami y’ukuri, na wewe yohava itakwihanganira.


Nuko rero uwibaza ko ahagaze, yiyubare ntagwe.


Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.


kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.


Ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.


Kandi, “Umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera. Ariko niyasubira inyuma, ntazohimbara umutima wanje.”


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Mwirinde ntimwanke kwumviriza uwuriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha kw’isi, natwe ntidushobora gukira igihano nitwanka kwumviriza uwuvuga ari mw’ijuru.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Ni co gituma nabashavuriye, ndavuga nti: ‘Imitima yabo yama izimira, kandi ntibamenye inzira zanje.’


Ico tubona ni uko, kubera ukutizera kwabo, batashoboye kwijira aho kuruhukira Imana yateguye.


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ