Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 2:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 kandi ibintu vyose wabishize musi y’ububasha bwiwe.” Nimba Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’umuntu, bisigura ko ata kintu na kimwe casigaye kitari musi y’ububasha bwiwe. Ariko gushika ubu ntitubona ko vyose biri musi y’ububasha bwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe. Kw Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kugiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 2:8
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.


Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.


Kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Imana yashize vyose musi y’ububasha bwiwe.” Ariko rero bivuze ko “vyose” biri musi y’ububasha bwiwe, biragaragara ko bitaba bishizemwo Imana kuko ni yo ishira vyose musi y’ububasha bwa Kristo.


Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Icara i buryo bwanje kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe”?


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


Imana ntiyahaye abamarayika kuganza iyi si izoza turiko turavuga.


Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ