Abaheburayo 2:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe8 kandi ibintu vyose wabishize musi y’ububasha bwiwe.” Nimba Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’umuntu, bisigura ko ata kintu na kimwe casigaye kitari musi y’ububasha bwiwe. Ariko gushika ubu ntitubona ko vyose biri musi y’ububasha bwiwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe. Kw Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kugiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |