Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 2:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 2:17
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndafise rero imvo zituma nezerererwa igikorwa nkorera Imana muri Kristo Yesu.


Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.


Kandi abagire umubiri umwe abahuze n’Imana biciye mu rupfu rwo ku musaraba, uwo yicishije ubwo bwansi bwari hagati yabo.


Kera mwari kure y’Imana kandi mwari abansi bayo mu vyiyumviro vyanyu no mu bikorwa vyanyu bibi.


Kandi ko dufise Umuherezi Mukuru aganza inzu y’Imana,


Yesu ni we yeza abantu ivyaha vyabo. Uweza hamwe n’abezwa bose bafise Se umwe. Ni co gituma Yesu bitamutera isoni kubita abavukanyi biwe.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Ikindi tuzi n’uko Umwana w’Imana ataje gufasha abamarayika; ahubwo yaje gufasha uruvyaro rwa Aburahamu.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose.


“Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


Umuherezi mukuru wese atorwa mu bantu, agatorerwa guserukira abandi imbere y’Imana kugira ngo atange amashikanwa n’ibimazi vy’ivyaha.


Kandi Imana yamugize Umuherezi Mukuru mu buryo bwa Melekisedeki.


Kuko na we ubwiwe ari umunyantege nke mu buryo bwinshi, arashobora gutahura abantu bagendera mu butamenya bagakora ibitari vyo.


Na Kristo na we ntiyihaye ico cubahiro co kuba Umuherezi Mukuru. Yagihawe n’Imana aho yavuga iti: “Uri Umwana wanje, uwu musi ndakuvyaye.”


aho Yesu yabanje kwinjira ku bwacu, amaze kuba Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.


Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.


Ivyagezwe vyashiraho abaherezi bakuru bafise intege nke, ariko inyuma y’Ivyagezwe, Imana yatoranije Umwana wayo biciye mu ndahiro; uwo ni we yabaye Umuherezi Mukuru atunganye ibihe vyose.


Ico dushaka kuvuga ni iki: dufise Umuherezi Mukuru yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’icubahiro y’Imana mw’ijuru.


Kubera umuherezi mukuru wese yashirirwaho gutanga amashikanwa n’ibimazi, n’Umuherezi Mukuru wacu na we yategerezwa kugira ico atanze.


Ariko Kristo yaje nk’Umuherezi Mukuru w’ivyiza bisanzwe bihari, yinjira mw’ihema rikuru kandi ritunganye kuruta ayandi. Iryo ntiryubatswe n’amaboko y’abantu, bisigura ko ritari iryo mu vyaremwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ