Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 13:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose. Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Muntahirize ababaganza bose, bo n’abera bose. Abo muri Italiya barabatasha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 13:24
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu.


ngo murongorwe n’abantu nka bo, canke n’abifatanije na bo muri ico gikorwa.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:


Jewe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu, Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’ishengero n’abadiyakoni bose:


Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.


Turabandikiye mwebwe abera b’Imana bo mu gisagara c’i Kolosayi, bene Data b’abizigirwa muri Kristo: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese bibe muri mwebwe.


kuko numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri wewe, n’urukundo ufitiye abizera bose.


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ