Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 13:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 13:21
53 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”


Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Abampamagara bose ngo: Mwami, Mwami, si bo bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba.


jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.


Icubahiro cose kibe ic’Imana yo nyene ubwenge bwose, ibihe vyose mw’izina rya Yesu Kristo! Amen.


Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Kuko duciye kuri we, twese hamwe twaronse uburenganzira bwo gushikira Data turi muri Mpwemu umwe.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami, kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.


kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.


Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.


Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.


Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.


Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose.


Imana ikomeze imitima yanyu kugira ngo muzosangwe mutagira agasembwa, muri abera imbere y’Imana yacu ari yo Data wa twese, aho Umwami wacu Yesu azogarukira azananye n’abera biwe. Amen.


Ico Imana igomba ni uko mubaho mwejejwe, muri kure y’ivyaha vy’ubusambanyi.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


baremeshe imitima yanyu bongere babakomeze mu bikorwa vyiza no mu majambo yanyu.


Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Umwami ahoraho, adapfa, ata boneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kwegera, iyo ata muntu arabona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.


kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.


Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.


Mukwiye kwihangana kugira ngo nimwamara gukora ivyo Imana ishaka muze muhabwe ivyasezeranywe.


Mwegereye ikoraniro ry’imfura z’Imana, bandikishije amazina yabo mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose.


Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.


Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.


Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.


Kandi uhereye ico gihe, imisi yose asigaje kubaho, ntaba akirongorwa n’ivyipfuzo vy’umubiri, ariko abaho arongorwa n’ivyo Imana igomba.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.


Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.


Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.


Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane. Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti: “Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha, ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe, ibihe vyose!”


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ