Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 13:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 kuko hano kw’isi tutahafise igisagara camaho, ariko turiko turondera igisagara kizoza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 13:14
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo zabo gusa,


Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.


Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo.


Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.


Imana ntiyahaye abamarayika kuganza iyi si izoza turiko turavuga.


Haracariho rero akaruhuko gasa n’ak’umusi w’Isabato gategekanirijwe ubwoko bw’Imana.


Ariko Kristo yaje nk’Umuherezi Mukuru w’ivyiza bisanzwe bihari, yinjira mw’ihema rikuru kandi ritunganye kuruta ayandi. Iryo ntiryubatswe n’amaboko y’abantu, bisigura ko ritari iryo mu vyaremwe.


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ