29 Kuko “Imana yacu ni umuriro utongora.”
29 kukw Imana yacu ar’ umuriro utōngōra.
Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.
yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.
Azohana abatazi Imana n’abatubaha ivyo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu bwigisha.
Hazoba hasigaye gusa kwitegana ubwoba urubanza rw’Imana n’umuriro uteye ubwoba uzoturira abansi bayo.
Ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.
Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.