Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 12:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 12:24
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ikizokurikira ni uko ingaruka z’amaraso y’abagororotsi b’ibihe vyose bishwe, uhereye ku mugororotsi Abeli ukageza kuri Zakariya mwene Barakiya uwo mwiciye mu rusengero hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro, zizoba kuri mwebwe.


Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.


Arababwira ati: “Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi.


uhereye ku ya Abeli ugashitsa ku ya Zakariya yiciwe hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro. Ndababwire ukuri, ingaruka z’ayo maraso yose zizoba ku bantu ba kino gihe.


Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.


Umuhuza afasha iyo hari imigwi irenga umwe igomba kugiriranira amasezerano. Ariko Imana yo yari yonyene.


Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu.


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Ukwizera ni kwo kwatumye ategeka Abisirayeli kwubahiriza Pasika, amijagira amaraso ku bishimaryango kugira ngo wa mumarayika w’umuranduzi ntiyice abahungu b’imfura babo.


Kubera ukwizera, Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.


Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha,” ivyo bisigura ko yahinduye ubusa irya mbere; kandi ikimaze guhinduka ubusa kiba kigira kizimangane.


Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.


Ariko Imana yasanze hari ico igaya abantu bayo maze ivuga iti: “Igihe kiraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzogirana isezerano rishasha n’inzu ya Isirayeli hamwe n’inzu ya Yuda.


Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.


Kuko Mose amaze gusomera abantu bose amabwirizwa y’Imana, yakiriye amaraso y’impfizi n’ay’impene hamwe n’amazi, ayamijagira kuri ca gitabu c’ivyagezwe vy’Imana no ku bantu bose, akoresheje amashami y’agati kitwa ezobu n’ubwoya bw’intama bwera cane.


Hanyuma abigenza uko nyene, amijagira ya maraso kw’ihema n’ibikoresho vyose bakoresha mu gukorera Imana.


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ