Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 11:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Mbega nongereko iki? Vyofata umwanya muremure mvuze inkuru za Gideyoni, Baraki, Samusoni, Yefuta, Dawidi, Samweli, n’abavugishwa n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Mvuge ikindi ki? Kukw igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni n’ivya Baraki n’ivya Samusoni n’ivya Yefuta n’ivya Dawidi n’ivya Samweli n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 11:32
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.


Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze.


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ”


Yesu yarakoze n’ibindi bintu vyinshi. Iyo vyose vyandikwa, nibaza ko n’isi yose itokwiwemwo ibitabu vyokwanditswe.


Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”


Ivyo vyose vyabaye nko mu kiringo c’imyaka amajana ane na mirongo itanu. Inyuma yivyo Imana yabahaye abacamanza gushika mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli.


Kukaba nka ko, n’abandi bavugishwa bose uhereye kuri Samweli, baravugishijwe ku biriko biraba uno musi.


Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.)


Mbega none twovuga iki kuri Aburahamu sogokuruza? Yatahuye iki ku vyerekeye ingene umuntu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi?


Mbega none tuvuge iki? Dushishikare gukora ivyaha kugira ngo ubuntu bw’Imana bwongerekane?


Mbega none tuvuge iki? Tuvuge ko ivyagezwe ari icaha? Haba na mba! Ahubwo ivyagezwe vyatumye menya icaha ico ari co. Mu vy’ukuri sinari kwigera menya ico ari co kwipfuza, iyo ivyagezwe bitaba bivuga ngo: “Ntukipfuze.”


Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.


Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.


Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ