Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 11:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Yahisemwo kubabazanywa n’ubwoko bw’Imana abirutisha kunezerererwa ibihimbaro vy’icaha vy’akanya gato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 agahitamwo kugiriranwa nabi n’abantu b’Imana, abirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy’ivyaha;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 11:25
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu ariko arahozwa, na we uri mu mibabaro.


Nabonye agacinyizo abantu banje barimwo muri Egiputa, numva n’amaborogo yabo, none manukanywe no kubakiza. Egera hano, kuko ngomba kugutuma muri Egiputa.’


Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.


Mwibuke uko vyari vyifashe mu misi ya mbere, mumaze kwakirwa n’umuco w’Imana. Mwaciye mu mibabaro myinshi, ariko mugumana ubwizigirwa.


Hari abishwe batewe amabuye, abandi bahimburwamwo kubiri n’imisumeno, abandi bicishwa inkota. Hari abayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, ata co bafise, bahahazwa kandi bafatwa nabi.


Haracariho rero akaruhuko gasa n’ak’umusi w’Isabato gategekanirijwe ubwoko bw’Imana.


kuko ukuraka kw’umuntu kutamushikana ku bugororotsi Imana ishaka.


Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa.


Kera ntimwari ubwoko, ariko ubu muri ubwoko bw’Imana, kera ntimwari bwagirirwe imbabazi, ariko ubu mwarazigiriwe.


Cishize hejuru, cibera mu bikayangana; none nimucishure imibabaro n’ivyago. Cirata mu mutima kiti: ‘Nganje nk’umwamikazi; sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera ngandara.’


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ