2 Ukwizera ni kwo kwatumye abantu ba kera bashingirwa intahe.
2 Icatumye aba kera bashingirwa intahe n’uko bari bagufise.
Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.
Abo bantu bose bashingiwe intahe ku bw’ukwizera kwabo, ariko nta n’umwe muri bo yaronse ivyo Imana yasezeranye vyose.
Kubera ukwizera, Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.