Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 11:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu ico mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru. Ni co gituma Imana itamāramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 11:16
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega Nta ho murasoma mu gitabu ca Mose, aho yandika ivy’igisaka caka kitarurumba? Handitswe ko Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka, n’iya Yakobo.’


Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”


Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.


Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, na Mose yaravyerekanye, aho yandika ivy’igisaka caka kidatemuka, avuga ko Uhoraho ari ‘Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo.’


Mu nzu kwa Data hari ivyumba vyinshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira.


‘Ndi Imana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo.’ Mose ahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi, ntiyubahuka gusubira kwunamuka ngo arabe.


Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo.


Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana.


Abantu bavuga nk’uku baba berekana neza ko barondera igihugu cabo bwite.


Kuko Imana yari idufitiye iciyumviro kiruta ibindi kuba ciza. Intumbero yayo kwari uko bashikira ugutunganywa rwose bari kumwe natwe.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


kuko hano kw’isi tutahafise igisagara camaho, ariko turiko turondera igisagara kizoza.


Yesu ni we yeza abantu ivyaha vyabo. Uweza hamwe n’abezwa bose bafise Se umwe. Ni co gituma Yesu bitamutera isoni kubita abavukanyi biwe.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ