Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 11:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’ akavantara n’ingenzi kw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 11:13
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko ndababwire ukuri, abavugishwa n’Imana n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.


Ibi Yesaya yabivuze kuri Yesu, kuko yabonye ivyo muri kazoza maze avuga ku vy’ubwiza bwa Kristo.


Sokuruza wanyu Aburahamu yari yiteganye umunezero umusi wo kuza kwanje; yarawubonye kandi yaranezerewe.”


Yari azi ko Imana ishoboye gushitsa ico yasezeranye.


Ivyo ni vyo twiteze kuva dukijijwe. Iyo icari citezwe kibonetse, kwitega kuba kurangiye. None hari umuntu yokwitega ico yamaze kubona?


None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’ab’iki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.


Nuko rero twama twumva turemye, naho tuzi ko tukiri muri iyi mibiri, tuba turi kure y’aho Umwami ari.


Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo.


Abantu bavuga nk’uku baba berekana neza ko barondera igihugu cabo bwite.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka nk’ikimazi igihe Imana yariko iramugeza. Aburahamu, uwari yarakiriye amasezerano y’Imana, yari yiteguye gutanga Isaka, umwana wiwe w’ikinege nk’ikimazi,


Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya ishavu ry’umwami. Yarashikamye arabandanya, nk’uwubona ivyo abandi batabona.


Abo bantu bose bashingiwe intahe ku bw’ukwizera kwabo, ariko nta n’umwe muri bo yaronse ivyo Imana yasezeranye vyose.


Jewe Petero, intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe abatoranijwe n’Imana mwashwiragiriye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya n’i Bituniya.


Mwibuke ko Data wo mw’ijuru, uwo musenga, adaca urwa nkunzi, hanyuma bitume mubaho muyitinya kandi muyubaha mu gihe musigaje kuba kuri ino si mubako nk’ingenzi.


Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.


Iki ni co kizotwereka ko turi ab’ukuri, bigatuma imitima yacu ishira amanga imbere y’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ