Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 11:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kuko yar’ arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 11:10
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu nzu kwa Data hari ivyumba vyinshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira.


Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.


Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo.


Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu ico mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.


kuko hano kw’isi tutahafise igisagara camaho, ariko turiko turondera igisagara kizoza.


Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ