Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 11:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ukwizera ni ukudakekeranya ku vyo wizigiye; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ ivy’ ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 11:1
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.


Mu kwirata gutya sindiko mvuga nk’uko Umwami Yesu yovuga, ahubwo mvuze nk’igipfu.


None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’ab’iki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.


Kuko hamwe hogira ab’i Makedoniya tuzanana hanyuma bagasanga mutiteguye, twomaramara, ariko mwebwe mwomaramara kurusha kuko mwabivuganye ugushira amanga.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.


Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi.


Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya ishavu ry’umwami. Yarashikamye arabandanya, nk’uwubona ivyo abandi batabona.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Ivyo bizotuma mutaba abanebwe, ahubwo muzoba abigana abaragwa b’ivyasezeranywe, biciye mu kwizera no kuramiriza.


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ