Abaheburayo 10:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe8 Ubwa mbere Kristo yavuze ati: “Ntiwashatse kandi ntiwashimye ibimazi n’amashikanwa canke ibimazi bituririwe ku gicaniro n’ibimazi vy’ivyaha, kandi vyategekanywa n’ivyagezwe vya Mose.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Ahejeje kuvuga haruguru, at’ Ibimazi n’amashikanwa, n’ibimazi vyoshejwe bidasonōye n’ibimazi vy’ivyaha, ntiwabigomvye kandi ntivyaguhimbaye (ni vyo bitangwa nk’uko bibgirijwe n’ivyagezwe), အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.