6 amashikanwa aturiwe n’amashikanwa y’ivyaha ntivyaguhimbaye.
6 Ibimazi vyoshejwe bidasonōye, n’ibimazi vy’ivyaha, ntivyaguhimbaye:
Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”
kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.
Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.
Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.