4 Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.
4 Kuko bidashoboka kw amaraso y’amapfizi n’ay’ impene akūrah’ ivyaha.
kandi ko dukwiye kuyikundisha imitima yacu yose, ubwenge bwacu bwose; n’inkomezi zacu zose, kandi tugakunda bagenzi bacu nk’uko twikunda. Ivyo birahambaye kurusha gushikanira Imana ayandi mashikanwa yose n’ibimazi vy’ibikoko.”
Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.
Iri ni ryo sezerano nzobashitsako ninabakurako ibicumuro vyabo.”
Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.
Mu gihe c’isezerano rya mbere, umuherezi wese yakora igikorwa ciwe ku gicaniro imisi yose agatanga kenshi ibimazi amenyereye gutanga, yamara ntivyashobora gukuraho ivyaha.
Ubwa mbere Kristo yavuze ati: “Ntiwashatse kandi ntiwashimye ibimazi n’amashikanwa canke ibimazi bituririwe ku gicaniro n’ibimazi vy’ivyaha, kandi vyategekanywa n’ivyagezwe vya Mose.”
Iki ni ikigereranyo cerekana igihe c’ubu. Kuko amashikanwa n’ibimazi abaherezi bashikanira Imana, ntivyashobora gutunganya imitima y’abaje kuyisenga.
Murazi ko Yesu Kristo yaje gukuraho ivyaha vyacu; kandi muri we nta caha kihaba.